UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Uburundi buri mw’ihungabana ry’ubutunzi ridasanzwe-Gabriel Rufyiri

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe Olucom amenyesha ko uburundi buri mw’ihungabana ry’ubutunzi ridasanzwe ; Abarundi ntibakironka uko biyunguruza, kuronka uko bafungura hamwe no gukora akazi ibi vyose bikaba biva kw’ikena ry’amafranga mvamakungu, agasaba umukuru w’igihugu kumuha akanya kugira bavugane ivyokorwa vyihuta kuko igihugu kiri mu kaga gakomeye.ibi yabishikirije ejo kuwa 8 rusama 2024 mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru.


Ishirahamwe Olucom riyishinze kurwanya igiturire no gusesagura amatungo ya Leta ryaratunganije ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru ku musi w’ejo igenekerezo rya 8 rusama 2024 cerekeye ibihe uburundi burimwo muri ino misi.

Muri ico kiganiro uwurongoye ishirahamwe Olucom yamenyesheje ko Uburundi buri mw’ihungabana ry’ubutunzi ridasanzwe.yagize ati:«ubwa mbere murabizi neza yuko isirahamwe Olucom ryama ribatumako kubera ibihe canke iyo tuba twipfuza mu kugira ivyo dushikirije ubu twabatumyeko kugira tubabwire ibibazo tumaze imisi turiko turakorerako bimwe muri ivyo n’ikibazo kijanye nivyo nokwita”crise economique” bivuga ihungabana ridasanzwe mu vyo ubutunzi ntirisanzwe kuko dufise abarundi uno musi badashobora kuronka uko biyunguruza,badashobora kuronka uko bafungura badashobora kuronka uko bakora akazi muri rusangi ibi rero biriko birazanira ingaruka nyishi cane ku gihugu cane cane bikaba biriko biva kw’ikena ry’amafranga y’agaciro.»

Gabriel Rufyiri avuga ko kuva mu mwaka wa 2022 bagumye bandika amakete menshi bandikira inzego z’igihugu harimwo niryo baheruka kwandikira umukuru w’igihugu amumenyesha ko uburundi buriko burasubiza ibirenge inyuma bivuye kw’ikena ry’amafranga y’agaciro kuko ntahantu ata hantu na hamwe ushobora kuronka amahera y’agaciro.uno musi ntashirahamwe rya Leta canke iryikorera utwabo ririko rirakora neza,nta gitoro,nta modoka zo kwiyunguruza,nya binyobwa vya Brarudi,isukare hamwe n’ibindi.

Uwo arongoye ishirihamwe Olucom asaba umukuru w’igihugu kumuha umwanya kugira bavugane ivyokorwa mu maguru masha kugira haboneke umuti wihuta bitari uko igihugu gishobora gutembara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments