Kuruyu wa kane igenekerezo rya 13/03/2014 niho umumenyesha makuru w’umurundi Désire NIYONDIKO bamushingurana iteka mw’itongo rya bapfuye ku mpanda
NIYONDIKO yaryamiye ukuboko kw’abagabo igenekerezo rya 11/03/2014 afise imyaka 42 arwaye Cancer y’igitigu aho yarayimaranye igihe gito abimenye. Désire yakora mw’isamirizi Isanganiro aho yatanga ikiganiro yise aho “iwanyu havugwa amaki” hamwe no mu ruganda rw’amakuru n’ibindi.
Yaragwaye cane aho yaguma aja mu gihugu ca Kenya kwivuza naho bitari vyoroshe ku magara yiwe yashishikara gukora umwuga wiwe gushika ku gatsi ka nyuma.
Kubo bagendanye ndetse nabo bakoranye barashimira ukwitanga kwiwe n’ukuntu yakunda akazi basaba ko n’abandi bo mwigirako, kuko yatonda ubwa mbere ku kazi agataha ubwa nyuma ya bose.
Umukenyezi wiwe arashingir’intahe ko yakunda umuryango aheraheza ashimira abamenyesha makuru ko bamubaye hafi cane aho yaza aragenda kwivuza mu mahanga, ivyo bishitse aho asize abana 3 bakiri bato. Abamenyesha makuru bose tumwipfurije ko Imana yo mwakira mu bwami bwayo.
Sources : Afrifame
Recent Comments