Nyuma yaho UBM News dukoreye ubushakashatsi bw’abaririnvyi b’abarundi baba hano muri America , twasanze abaririnvyi bamwe bamwe b’abarundi ko indirimbo baririmba usanga atari izabo bwite, benshi usanga bagenda baririmba bigana abandi canke ugasanga nk’umuziki canke ingoma ( Beat ) bakoresha atari iziwabo bikoreye ahubwo ar’izabandi bityo nico gituma UBM News twashimye kuganira numwe mu baririnvyi b’abarundi akunzwe cane hano ndetse afise indirimbo nziza zikunzwe kunvirizwa cane ( Mt Number One ) tumubaza impanvu usanga bamwe mu baririnvyi b’abarundi badakunze gukora ivyabo bwite.
Mu kiganiro yakoranye n’umunyamakuru wa UBM News uyu musi, Mt Number one ” yavuze ko abaririnvyi benshi bakoresha Beat z’abandi usanga atabushobozi bafise bwogukora beat zabo ahandi naho avuga ko hari abaririnvyi bakoresha Beat z’abandi bivanye nuko batazi ivyo baba bariko barakora canke ngo batazi ingaruka zavyo.
Mt Number one yagize ati : Bivana nuko benshi baba atabushobozi bafise bwo kuzigura ikindi naco, bakaba boba batazi ingaruka zo gukoresha beat zitari izabo, canke batanazi akamaro kivyo barimwo barakora ( umuziki) , ingaruka yivyo vyose iboneka iyo umuntu amaze kuba famous, nkaba nyene beat barashobora kukwitwarira ariko iyo ukiri underground ntangaruka nini bishobora kukugirira.
Uno muririnvyi afise indirimbo zikunzwe cane hano muri America ndetse no kwisi hose, yagiriyeho ahanura abaririnvyi b’abarundi boba bagikoresha Beat z’abandi ko bokwicara bakiyunvira intumbero ituma bakora umuziki.
Abaririnvyi bobanza kwicara bakiyumvira neza intumbero ituma bakora music, Kubabikora arugufyinata abo ntampanuro yabo nfise. Kubabikora arukubera ubushobozi buke nobahanura kurondera abo twita ” local Producer ” bagakorana nabo kuko bo baca make cane for example ( Indonyi records, lab ya ukweli, na B squad records, ayo yose Nama ” local production ” nzi y’abarundi umuntu ashobora gukorana nayo, Kuri Audio na Video.
Recent Comments