UBM News ads UBM News ads
Tuesday, May 28, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

RDC: EACRF imenyesha ko zimwe mu ngabo zayo zagabweko igitero n’umurwi w’abitwaje ibirwanisho utaramenyekana.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ingabo za EAC zihurikiye mu butumwa bwo kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo zitangaza ko ingabo zazo zo mu gihugu ca Uganda UPDF zaguye mu mutego kuri uyu wa mbere w’umurwi w’abitwaje ibirwanisho utamenyekanye muri teritwari ya Rutshuru, mu ntara ya Kivu y’uburaruko.

Mw’itangazo ryaroye ahabona kuri uyu wa kabiri, EACRF ivuga ko igihe imodoka yarimwo abasirikare ba Uganda yariko iva ahitwa Kiwanja yerekeza i Bunagana , yaciye irwa mu mutego w’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye ahitwa i Rukoro, mu karere ka Burai, hegeranye n’ibarabara rya Rutshuru-Bunagana, muri teritwari ya Rutshuru. EACRF ikamenyesha ko izo ngabo zatanye mu mitwe n’uwo murwi ndetse ziranashika neza iyo zari zigiye.

Izo ngabo zisozera zimenyesha ko amatohoza yatanguye kugira hamenyekane uwo murwi witwaje ibirwanisho wakoze ico gitero c’agasomborotso ndetse hanamenyekane icoba cinyegeje inyuma y’ico gitero.

Tubamenyeshe ko ivyo bishitse mu gihe Abatari bake mu banye Kongo bamaze imisi biyamiriza ingabo za EAC ziri mu ntara ya Kivu y’uburaruko ko zaje ahubwo gushigikira umuhari M23 mu ntambara uwo muhari uriko ukorana n’umurwi w’abanyagihugu urikumwe n’iyindi mihari bise ‘Wazalendo’. Ndetse imwe mw’iyo mihari ikaba yaheruka guha amasaha 48 izo ngabo za EAC kuba zavuye ku butaka bwa Congo, Atari uko, ngo zizoca zitangura kurwanywa kuko ngo vyagaragaye ko zifashanya n’umwansi ariwe M23.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments