Iyo ngingo yo kugara indwi zibiri akabare Campero Club Freddy Mbonimpa akaba yayifashe kur’uyu wagatanu aho yagiriza ako kabare kari muri zone Rohero komine Mukaza kurenza amasaha yashinzwe yo kugurura no kugara ububare mu gisagara ca Bujumbura. Iyo ngingo ikaba yashinzwe itariki 21 munyonyo inyuma y’ibitero vyabaye ku birindiro vy’abasirikare muri komine Mabayi.

Ibitero vyahitanye abasirikare batari bake Leta y’Uburundi yagiriza ko ari igihugu c’Urwanda cakoze ico gitero. Ariko Umukuru w’igisagara Freddy Mbonimpa akaba yasiguye ko iyo ngingo yo kugabanya amasaha yo gukora k’ububare ijanye n’ubutunzi bw’imiryango.
Freddy Mbonimpa akavuga ko ako kabare kahawe gasopo incuro nyinshi ariko kagumye karenga kur’iyo ngingo yo kugurura isaha 11 zo kumugoroba kakugara isaha 3 z’ijoro mu misi isanzwe no kugurura isaha 7 zo kumugoroba gushika isaha 3 zo mw’ijoro mu misi y’akaruhuko. Freddy Mbonimpa akamenyesha mw’ikete yandikiye nyene ako kabare ko atubahirije iyo ngingo ubwo bunywero buzoca bwugarwa burundu. Banyene ububare mu gisagara ca Bujumbura bakamenyesha ko ayo masaha yo gukora ari make cane ko bakora bahomba batanga n’amatagisi ko boraba bakabatezurira.





Recent Comments