Igihe Uburundi bwariko burahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi itariki imwe rusama, Umukuru w’igihugu yashimye kuwuhimbariza mu ntara ya Rumonge. Intara nshasha iheruka gushingwa ikuwe ku ntara ya Bururi. Nkuko yama abikora Umukuru w’igihugu yama atanga udshimwe kubakozi bakoze neza gusumba abandi mur’uyo mwaka uheze.

Mubaronse udushimye hari umumenyereza w’Intamba mu Rugamba Olivier Niyungeko yaronkejwe agashimwe kuko yashoboye gushikana Uburundi mu gice ca nyuma c’urukino CAN umurwi w’umupira w’amaguru mu Burundi. Uburundi bukaba bugiye muriryo higanwa ubwambere. President nkurunziza yarashimiye uyo mumenyereza atako amubwira ko nawe ari mukuza kumenyereza imirwi kuko abifisemwo ubumenyi bwinshi.
Uwundi yaronse agashimwe n’umurimyi mworozi wo mu ntara ya Kirundo aho arima amahectare arenga 30 agaca yorora ibitungwa vy’ubwoko bwinshi harimwo imbeba z’ikizungu. Umukuru w’iguhugu yavuze kw’izo mbeba bazitazira ijwi ry’amerika kuko zivuga amajambo menshi. Ivyatumye haba inyandiko nyinshi kumbuga ngurukana bumenyi kuriyo radio y’abanyamerika iheruka kwugarwa.
Akandi gashimwe katangaje n’agashimwe Umukuru w’igihugu yahaye umwana wiwe w’umwigeme w’imyaka 12. Umukuru w’igihugu akaba yamenyesheje ko ari umwana w’inkerebutsi azinduka cane agiye gusuhuza, akunda umupira w’amaguru mbere amaze no kw’iyandikisha mu murwi w’abahungu bakina umupira w’amaguru kwishure yigako. Umukuru w’igihugu akavuga ko azumusabira ashirwe mu ntamba mu rugamba y’abakobwa niyabandanya abikunda. Jean Claude Karerwa, umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, akaba yamenyesheje ko ibahasha uwo mwana w’Umukuru w’igihugu yaronse yavuye mu mufuko w’Umukuru w’igihugu.





Recent Comments