Umukuru w’igihugu n’abatavuga rumwe nawe ‘ku meza imwe’

0

Ejo ku muso wa kabiri, umukuru w’igihugu c’Uburundi ariwe Evariste Ndayishimiye yari aramutse yakira ku meza imwe abatavuga rumwe na reta bari ku butaka bw’Uburundi.

Abatavuga rumwe na reta bari mu migambwe yemewe n’amategeko bakaba batumiwe na Ndayishimiye ku bwo kwipfurizanya umwaka mwiza wa 2021.

Ifoto yavugishije benshi ni ya Agathon Rwasa, asa n’uwuserukira abatavuga rumwe na reta aho yariko yipfuriza umwaka mwiza uwahoze ari umukeba wiwe, Ndayishimiye Evariste.

Amafoto yagiye ahabona akerekana ko mbere Ndayishimiye yasangiye agacupa n’abo batavuga rumwe na we ku ‘meza imwe’ mu kwerekana ko abizera, ko bari ‘kumwe bose bishoboka’.

Bamwe bamwe barabona ko mu myaka iri imbere iyi ntambwe yatewe na Ndayshimiye yo kubandanya yiyegereza abatavuga rumwe na we ishobora gutuma hatabandanya haba abenshi batavuga rumwe na reta ya CNDD-FDD.

Abatavuga rumwe na reta y’Uburundi bari hanze y’igihugu ntaco baravuga kuri ico gikorwa cararwe gikozwe na Ndayishimiye.