Ibanki BIJE yatanguye kugurura amacompte y’abanywanyi bayo

0

Kur’uyu wa kabiri itariki 6 nzero 2021 mu gisagara ca Gitega, ibanki BIJE yishinze gutezimbere imigambi y’urwaruka yatanguye kwakira abanywanyi bashaka kubika amahera yabo muriyo banki.

Bakaba bakira urwaruka ruri mu makoperative nurutari muri za koperative. Nta nrwati basaba mu gutanga ingurane. Iyo banki ikaba ifise imigambi yo kwugurura ibiri vyayo mu bisagara vya Bujumbura Mairie na Ngozi nkuko bimenyeshwa n’umushikiranganji w’urwaruka, Ambassaderi Ezechiel Nibigira.

 

Umuyobozi mukuru w’iyo banki BIJE akaba yamenyesheje ko iyo banki izotanga ingurane ku nyungu ingana ibice 7 kw’ijana.