Prezida Ndayishimiye asaba imigambwe kwitwa abahanuzi canke abakebura Reta

0

Prezida Evariste Ndayishimiye yarakoranije kur’uyu wa gatatu imigambwe yemewe n’amategeko m’Uburundi. Mw’ijambo ryiwe yashikirije yamenyesheje abarongoye imigambwe ko umugambwe udatsinze utaba upfuye. Ati : “Aha mwebwe muri abahanuzi. Muzi vyinshi muri poritike. Igikuru ni uko abari mu ntwaro y’igihugu boza barabumviriza. Ntimwitwe abatavuga rumwe na Reta ahubwo mwitwe abakebura Reta kugira dukore ivyipfuzo vy’abenegihugu.”

Umukuru w’Igihugu yaboneyeho no kuvunira akagohe abazi ko Demokarasi ari ukutagira ico wibanga mu gihugu canke ko Demokarasi ari igihugu kitagira “Kirazira”, aho umwe wese yiragira akicura nka ka gashuri k’imico mibi batubwira mu migani ngo “Gaturuka izindi zitashe, bakagashora ku mutumba nako kakishora ku butumbagaza.”

Yabandanije ijambo ryiwe ashimikiye ku bijanye n’ugutsimbataza ubutungane buhumuriza bose; kugwanya ukudahana hamwe n’ukugira urunani mw’iterambere.

 

Prezida Evariste Ndayishimiye yongeye ati : “Ndipfuza ko uyu mwaka utanguye utubera umwaka wo kugwanya ivyo vyose bibi gushika mbere aho twese tuzobona ko kuba indongozi atari ubuzima ahubwo ari umuruho. Gurtyo ntawuzoba akibigwanira kubera bizoba ari indyankurye.”

Yasozereye ijambo ryiwe ashima inyifato abanyamigambwe basigaye bafise, ngo yerekana ko bamaze kumira akabuye k’abagabo; batagitamikwa ijambo na ba sesankuyoze, yongera abipfuriza umwaka mwiza, umwaka w’amagara meza, umwaka wo gukunda igihugu, abasabira ku Mana umuhezagiro mu miryango yabo.