Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye amenyesha ko Leta y’uburundi itandaza igitoro ibanje ku bicisha kw’ishirahamwe ryayo rya REGIDESO , nkuko benshi mu barundi bahaye bavyibaza. Perezida Ndayishimiye agasigura ko nyabuna ko bwabaye ubutwari bw’uburongoye iryo shirahamwe rya Leta risanzwe ritanga amatara n’amazi mu gihugu mu gushikiriza ico gitoro abakidandaza bari bananiwe kugishikana mu gihugu c’uburundi. Ariko nubu ikibazo benshi baguma bibaza ni icerekeye nyimba ico gitoro kigiye kuguma kiboneka igihe cose maze imirongo miremire mu gihugu cose y’abagitondeye ize yahera.
Abicishije ejo hahise kuwa mbere ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Perezida Varisito Ndayishimiye ati :«Ndashimiye umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu , aciye ku butwari bw’umuyobozi mukuru wa REGIDESO , yamenye gukora ico ajejwe mu gushikiriza igitoro abakidandaza bari bananiwe kugishikana. Leta y’uburundi ntidandaza igitoro ,ahubwo yafashe iyo ngingo kugira yorohereze abarundi»
Ivyo vyaraye bishikirijwe n’umukuru w’igihugu c’uburundi vyaje gukura igipfungu ku bijanye n’amamuko y’igitoro cinshi caheruka kwinjira mu Burundi, aho bamwe mu barundi bibaza ko ari uwitwa Methusselah Nikobamye yaheruka gutangaza ko afise igitoro cinshi mu gihugu ca Tanzaniya ko yiteguriye kurangiza ingorane abarundi bari bamazemwo igihe ijanye n’ibura ry’igitoro ariko ingorane afise ari imwe iyo nayo ni iyijanye no kubura urusha ruva muri Leta rwo kuzana mu gihugu ico gitoro, Abandi bati :«coba ari ca gitoro Igihugu c’uburusiya giheruka kwemerera uburundi cazanywe?».
Bafatiye kw’ibura ry’amafaranga y’agaciro mu gihugu, Mw’ishirahamwe OLUCOME biyemeje kurwanya abarya igiturire hamwe n’abasesagura amatungo ya Leta bobo bakaba bakicibaza nyimba ico gitoro kigiye kubandanya kizanwa buri kwezi buri kwezi nkuko Leta yavyivugiye ko yafashe iyo ngingo yo kukizana mu gihugu mu ntumbero yo kworohereza abarundi. Naho ico gitoro cazanywe na REGIDESO kimaze imisi gishitse mu gihugu, ubwinshi bw’imiduga hamwe n’imirongo miremire biguma vyibonekeza ku masitasiyo yo mu gisagara ca Bujumbura hamwe no hagati mu gihugu.
Recent Comments