Sunday, September 25, 2022
HomeUbutunziUkutaronka imfashanyo mvamakungu harico vyononye mu buzima bw'igihugu c'uburundi (Domitien Ndihokubwayo).

Ukutaronka imfashanyo mvamakungu harico vyononye mu buzima bw’igihugu c’uburundi (Domitien Ndihokubwayo).

Umushikiranganji w’ikigega ca Leta amenyesha ko kubona igihugu c’uburundi kimaze igihe kitaronka imfashanyo mva makungu kiri muri bimwe mu vyatumye hatihuta gushirwa mu ngiro itunganywa ry’amafaranga rifatiye ku migambi. Domitien Ndihokubwayo akaba yabishikirije kuri uyu wa mbere mu ntara ya Ngozi mu ruganda rwatunganijwe ku bajejwe ivy’ubutunzi mu nzego zose z’igihugu.

Uwo arongoye ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta akemeza ko kugira hakoreshwe iyo ndinganizo nshasha bisaba uburyo butari buke hamwe no gutegura abahinga n’abandi bose bajejwe ishirwa mu ngiro ryayo hatibagiwe no guhinyanyura amategeko.
Umushikiranganji Ndihokubwayo amenyesha kandi ko ibisata vyose vyo mu bushikiranganji bwose hamwe n’izindi nzego vyahawe amahera muri uyu mwaka wa 2022 ushira uwa 2023 hisunzwe imigambi . Agasigura ko vyakozwe mu ntumbero yo kwitegurira kwinjira icese muri iryo tunganywa rishasha ku rwego rw’igihugu mu mwaka uza.

Must Read

Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa “biométrique” bugiye gutangwa mu...

0
Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa none bwa "biométrique" bugiye gutangura kuboneka mu Burundi kuva mu kwezi kwa kigarama . Amakomine 11 ya...