Umukuru w’igihugu cambere ca Afrika agendeye Uburundi ku ntwaro ya Prezida Ndayishimiye

0

Uwo nawe akaba ari Umukuru w’igihugu ca Ethiopie, umupfasoni Sahle-Work Zewde, yashitse m’Uburundi kur’uyu wa kabiri. Akaba yakiriwe na megenziwe Prezida Evariste Ndayishimiye. Prezident Sahle-Work Zewde akaba yarashize ingori z’amashurwe kur’uyu wa kabiri imbere yo kuzimanwa na mugenziwe.

Mu kiganiro aba bategetsi bahaye abamenyeshamakuru bakaba bavuze ko bagiye gukomeza imigenderanire yari isanzwe iri hagati y’igihugu ca Ethiopie n’Uburundi. Prezida Sahle-Work Zewde akaba yazananye n’abashikiranganji batari bake mu ntumbero yo kuganira ingene hoshikwako amasezerano yo guhanahana ibidandanzwa n’ubuhinga. Mwomenya kw’ikompagnie y’indege yo muri Ethiopie Ethiopian Airline isanzwe igwa ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye ca Bujumbura.

Igihugu ca Ethiopie kikaba kirimwo umugwa mukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika kikaba gishika ku muhora w’amazi Océan Indien kandi Ethiopie ikaba iriko iraterimbere mu bijanye n’amahinguriro n’inyubako. Uburundi nabwo nyene bukaba bufise ubutunzi butari buke mu vyimburwa, amabuye y’agaciro, abakozi bashobora kuja gukorerayo.