Inyuma y’aho Uburundi buvuze kwugara Ambassade muri Maroc, ibiganiro vyatanguye

0

Inyuma y’aho Uburundi buvuze ibijanye no kwugara Ambassade y’Uburundi muri Maroc, ibiganiro vyatanguye hagati ya Maroc n’igihugu c’Uburundi biciye ku bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bw’Uburundi.

Mu mubonao abaserukira igihugu ca Maroc bakoranye na Albert Shingiro ayoboye ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, Maroc ikaba yemeye ko igiye kwugurura ambassade yayo mu gihugu c’Uburundi.

Ivyo bibaye inyuma y’ubutumwa bwanditswe kuri Twitter n’ibushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu maze buca burafutwa. Ubwo butuwma bukaba bwaratumye haba ukurabana nabo hagati ya Maroc n’Uburundi.

Muri ivyo biganiro, igihugu ca Maroc kikaba ciyemeje ko kigiye kwongereza igitigiri c’ama bourses catanga ku banyeshure b’Abarundi baja kwiga muri ico gihugu.

Mwomenya ko igihugu c’Uburundi mu ntumberro yo kugabanya amafaranga gikoresha cafashe ingingo yo kwugara ama ambassades amwe amwe nka Bresil na Canada kubera ubukene bw’uburyo bwo kubungabunga izo ambassades.

Mu butumwa bwari bwashizwe ahabona bwavuga ko na ambassade y’Uburundi muri Maroc izokwugurwa.