Abana 22 bagirizwa kwiba mumiduga barafashwe barafungwa muri zone Kamenge. Mwibaza ko biva kuki ?

0

Ivyo bikaba vyabaye kur’uyu wa gatatu kuva isaha 12 gushika isaha 4 z’ijoro.  Ico gikorwa c’igipolisi kikaba cabereye aho bita kuri Gare du Nord muri zone ya Kamenge. Abo bana bakaba bagirizwa gupakurura imiduga ipakiye ivuye mu gihugu hagati maze imifuko yaba iyamakara, ibiharage ibitoke n’ibindi bagaca babitwara.

Abo bana bafise hagati y’imyaka 12 na 16 bakaba bafungiwe kuri poste y’igipolisi muri zone Kamenge. Ico gikorwa kikaba cavuye kukamo abenegihugu baca aho hantu bari bateye ku mbuga ngurukana bumenyi ko hariho akarwi k’abana biba burira kumiduga bagapakurura imizigo. Ariko tukaba tutaramenya ico abo bana bagiye kubakoza narirya benshi muribo batarakwiza imyaka yo gufungwa.

Mwomenya kw’imigwi y’abana bo mw’ibarabara iguma yiyongera mu gisagara ca Bujumbura benshi bakibaza ko biva kubukene buri mu miryango, inryane ziri hagati y’abavyeyi hamwe no kutavyara kurugero. Leta mvyeyi kandi nkozi hamwe n’abaharanira agateka k’abana bakaba ataco barabivugako, kenshi Leta ikaba ikunda kurungika abapolisi gufata abo bana bakabasubiza mu mihana yabo ariko hashize umwanya bagaca bagaruka.