UBM News ads

Umukuru w’igihugu ca Kenya arababazwa ukuntu abakuru b’ibihugu vya Afrika basuzugurwa iyo bitabiriye amanama y’ibihugu bitunze kw’isi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu ca Kenya aranegura uburyo abakuru b’ibihugu vya Afrika basuzugurwa iyo baba bitabiriye amanama mpuzamakungu ahuza uwo mugabane n’ibihugu rutura bitunze kw’isi. William Ruto agatanga akarorero k’ukuntu we n’abagenzi biwe bigeze gupakirwa mu muduga umwe nk’abanyeshure bajanywe kw’ishure hari igihe bari bitabiriye umuhango wo gushingura uwahora ari umwamikazi w’ubwongereza Elizabeth wa Kabiri.

Mu kiganiro cabaye kuri uyu wa 29 Ndamukiza 2023 mu gisagara ca Nairobi ciswe “Mo Ibrahim Governance conversation”, Perezida Ruto yavuze ko hari abakuru b’ibihugu bo ku mugabane wa Afrika basuzugurwa. Agatanga akarorero k’inama zihora zihuza abakuru b’ibihugu vya Afrika mu kindi gihugu gitunze kw’isi maze bagahura n’umwe ukirongoye. Perezida Ruto yagize :

“Tugira inama, Afrika na Amerika, Afrika n’uburayi, Afrika na Turkiya, Afrika n’ubuhindi, ubu turindiye iyindi nama ya Afrika n’uburusiya hamwe n’ubuyapani”

Uwo arongoye igihugu ca Kenya yongeyeko mukuvuga ati :”Rimwe na rimwe dufatwa nabi. Twapakiwe mu mu miduga nk’imwe itwara abanyeshure ku mashure. Twabonye ko ata bwenge burimwo kuba twese uko turi 54 tuja kwicara imbere y’umuntu umwe kandi ahandi hantu”

Perezida Ruto akabona ko icoba ciza kuruta n’uko hoba umurwi w’abantu bari hagati ya 6 na 7 baturuka mu burongozi bw’umuryango w’ubumwe bwa Afrika maze bakaba aribo bazoza bahagararira ibihugu vyo kuri uyo mugabane mu nama zizoza zihuza afrika n’ikindi gihugu co hanze.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments