Umukuru W’umugambwe APDR avuga ko afise impungenge k’umutekano wiwe kuko ngo ushobora kubangamirwa bitewe n’uwitwa Assumani asanzwe arongoye ishirahamwe rironderera akazi abakenyezi n’abigeme mu bihugu vy’abarabu.
Gabriel Banzawitonde akavuga ko iterabwoba ariko akorerwa ryoba rifitaniye isano n’ibijanye n’ibitabo vy’inzira “passport” z’abakenyezi n’abigeme uyo Assumani yari yarafashe niko guca uwo arongoye APDR nawe asaba ko uyo mugabo yosubiza ivyo bitabo vy’inzira benevyo.
Banzawitonde akababazwa kandi no kubona umushikirizamanza wa parake ya Mukaza yari yarafashe ico kibazo mu minwe mbere akanavuga ko haheze ukwezi azi koi co kibazo catorewe umuti ariko yaje abona ejo kuwa gatanu Assumani amusanga mu biro amubwira amajambo y’iterabwoba mbere ngo aca amuha umutahe wo kwitaba mu butungane.
Uyo arongoye umugambwe APDR asaba ko umutekano wiwe wo cungerwa akavuga ko hagize ikimushikira bizobazwa Assumani n’umushikirizamanza wa parake ya Mukaza.