Umukuru w’igihugu c’uburundi agabisha abavunjayi biboneka ko bafise intumbero yo gutoba ingingo iheruka gufatwa n’ibanki nkuru y’igihugu BRB yo gushiraho isoko mpuzamabanki y’amafaranga mvamakungu. Perezida Ndayishimiye yabitangaje kuri uyu wa 30 Ndamukiza 2023 mw’ijambo yaraye ashikirije abarundi n’amakungu rijanye n’umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi.
Mw’iryo jambo ryiwe, Varisito Ndayishimiye yavuze ko uwo mugambi abawutoba ari abavunja bidaciye mu mategeko. Akihanikiriza abafise iyo ngeso agira ati “bamenye ko urubanza rwabo ruzoba urw’ikibiriraho”.
Yongeyeko aragabisha abadandaza, inyuma yuko iyo ngingo ije kuborohereza mu kuronka amafaranga mvamakungu , ko rero abazosubira kwidugiriza ibiciro nabonyene bazobihanirwa bikomeye.
Tubibutse ko inyuma yaho ibanki nkuru y’igihugu BRB ifatiye ingingo idasanzwe yo kugira idorare ry’abanyamerika rishobore kuboneka kw’’isoko ndetse ntirihungabanye ubutunzi bw’igihugu, ahatari hake mu mazu yo kuvunjirizamwo ayo mafaranga ari mu gisagara ca Bujumbura , vyagaragaye ko idorare rya amerika ryakorotse amafaranga 1600 y’amarundi , ubu rikaba ririko rivunjwa amafaranga ibihumbi bitatu vy’amarundi ryahora ku bihumbi bine n’amajana atandatu vy’amarundi.