Umuhari RED Tabara uvuga ko wishe abasoda babiri ba reta mu Kayanza

0

Inyuma yo kumenyesha ko ariwo uriko ukora ibitero hirya no hino mu gihugu c’Uburundi, ubu naho wamenyesheje ko wishe abasoda babiri ba leta.

Uwo muhari ukaba wabimenyesheje biciye ku rubuga rwawo rwa Twitter.

Kuri uyu musi nyene umukuru w igihugu asa nuwavuze ko ata barwanyi bahari bariko badurumbanya reta yiwe.

“Abasirikare babiri ba leta bishwe hamwe na batatu bakomeretse inyuma yo guhangana n’abasirikare bacu ku rubibe rwa Komine Mururta na Kabarore”, niko Umuhari RED Tabara uvuga.

Reta y’Uburundi ntaco iravuga kuri ivyo vyashinzwe ahabona canke ngo igisoda cemeze ayo makuru.

Mwe mubona gute uko reta ivuga ibijanye nivyo bitero?