Mu mwiherero watumweko na Evariste Ndayishimiye, umukuru w igihugu yaremanze ku mugaragaro ko urwaruka rwamaze amashure rudafise akazi ruzokwigishwa mu ntara ya Karusi.
Ivyo yabivuze inyuma yaho habereye ukutavuga rumwe kuri ico kibazo ku bashomeri banditswe mu misi iheze.
Icegera ca Petero Nkurikiye ariwe Moise Nkurunziza yari yavuze ivyasubiwemwo na Prezida Ndayishimiye ejo ku musi wa kabiri.
Ariko Petero Nkurikiye yarahagurutse avuga ko abanyamakuru babitahuye nabi ko reta nyabuna izoha imitahe aba bashomeri.
Ariko Ndayishimiye Evariste yavuze ko iyo mitahe izohabwa abo bashomeri babanje gusubira kwigishwa uko bokwiteza imbere.
Ndayishimiye akaba yavuze ko urwaruka rwaminuje mu vyo kwigisha no gutanguza amashirahamwe bazofasha mu kwigisha abo barangije ivyigwa vyabo ariko badafise akazi.
Aba na bariya bariko baribaza impamvu bari babwiwe igihe basansumwa ko bazohabwa imitahe ariko bakazosubira mu vyigwa kandi.





Recent Comments