Ubuyobozi bwa Lycée communal Gasorwe mu ntara ya Muyinga bufadikanije n’abarongoye komine Gasorwe buherutse gutegeka ko abakobwa bose biga kuri iryo shure, kuva mu mwaka w’indwi gushika mu mwaka wa 14, bapimwa ko ata nda bafise. Kugira ico gikorwa gishoboke, ubuyobozi bw’ishure bwategetse ko umunyeshure wese ariha amafaranga ibihumbi bibiri (2000 fbu).

Inyuma y’inama y’abarongoye ishure n’abavyeyi, amafaranga azotangwa ku bahungu yaragabanutse : umuhungu wese azotanga igihumbi (1000 fbu). Hari abavyeyi babajije impamvu abahungu bazoriha kandi bo badatwara inda, ubuyobozi bwishuye ko abahungu aribo bazitera abakobwa !
Kuri iryo shure ngo bariketse ko hariho abakobwa boba bafise inda. Niho baca bafata ingingo yo gupima inda ku bakobwa bose biga kw’iryo shure, baba abo bikeka, baba abo batikeka. Umukobwa wese ategerezwa kuriha amafaranga 2000 ajanye n’ico gikorwa. Icatangaje abavyeyi barereye kuriryo shure gusumba ibindi ni ingene abana b’abahungu nabo nyene bategerezwa kuriha ayo mahera kandi ata nda batwara. Abo bavyeyi babajije impamvu barihisha abana b’abahungu bishuwe ko ari bo bazitera abakobwa.





Recent Comments