Umukuru wa RED TABARA yamenyekanye

0

Nk’uko bari babimenyesheje ko mu minsi ya vuba bazoshira ahabona inzego zirongoye RED – TABARA, umwe mu mirwi imaze kumenyesha ko yafashe ibirwanisho kugira urwanye ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, izina ry’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare ryashizwe ahabona.

red

Mw’itangazo ryashizwe ahabona na RED TABARA ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu, bamenyesheje ko Général – Major Melchiade Biremba ariwe mukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare wa RED TABARA (Chef d’Etat-Major du mouvement).

Iryo tangazo rikaba ryashikirijwe na David Ihotorihirwa, umuvugizi wa RED TABARA.