Umukuru w-igihugu co kimwe n-izindi ndongozi zikwiye kumenya ko hari amabanga atabangikanwa (Gabriel Rufyiri).

0

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n-isesagurwa ry-ubutunzi bwa Leta, OLUCOME rimenyesha ko rifise impungenge n-ibijanye n-imirima hamwe n-ubworozi vy-umukuru w-igihugu Evariste Ndayishimiye . Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME yibutsa umukuru w-igihugu n-abandi bategetsi ko amategeko y-igihugu atomora neza ko bidakwiye ko umutegetsi abangikanya amabanga kiretse mu gihe ashatse gutanga akarorero.Perezida Ndayishimiye Evariste w'u... - Radiotv10 Rwanda | Facebook

« Turavye mu rwego rw-amategeko, duhere kw-ibwirizwashingiro  mu ngingo yaryo y-101 aho havuga neza yuko umukuru w-igihugu ata kindi kintu na kimwe kiba ikimwinjiriza amafaranga canke kitamwinjiriza n-amafaranga ashobora gufadikanya ngo akore  mu gihe yahawe amabanga y-umukuru w-igihugu . Kandi ivyo bifata we bigaca vyongera bigafata n-umutambukanyi wiwe  n-abana biwe  bafise imyaka iri musi ya 18. Irindi tegeko riraba ivyo kutabangikanya amabanga, naryo  rica riza rivuga  yuko umukuru w-igihugu , icegera ciwe, umushikiranganji wa mbere ,abagize Leta  bose harivyo badashobora kubangikanya»  Niko Rufyiri avuga hari  kuri Radiyo Peace FM.

Uwo arongoye OLUCOME atanga insiguro zijanye nuko abategetsi bo hejuru harimwo n-umukuru w-igihugu batemerewe kuja kubangikanya n-ayandi mabanga  kubera ko Leta ibamenya muri vyose nko kubagaburira, kubambika, kubaha uburaro,…

«Nico gituma mubona ko umukuru w-igihugu atagira inyuma y-urugo, nta vie privée agira. Nico gituma  niyo agiye mu karuhuko , murabona ko abanyagihugu  bategerezwa kuba bamenya  ivyo arimwo»  Niko Gabriel RUFYIRI abandanya asigura.