Umuntu wese afise ubwenegihugu bw-uburundi naho yoba yamuka mu kindi gihugu arafise uburenganzira bwo kuja mu bibanza bitandukanye yipfuza kiretse ic-umukuru w-igihugu, ic-umukuru w-inama nshingamateka hamwe n-ic-uw-inama nkenguzamateka. Vyashikirijwe kuri uyu wa mbere n-abashingamateka igihe bariko bariga impinyanyuro y-integuro y-ibwiriza rigenga abakorera igipolisi mu Burundi, iyo nayo ikaba yari yarungitswe n-inama nkenguzamateka.
Kubona umupolisi adafise amamuko yo mu Burundi ashobora kwinjira mw-urwo rwego rwo gucungera umutekano, Umushingamateka Agathon RWASA we abona ko ivyo biteye kubiri n-ibwirizwa shingiro ry-uburundi aho ritomora neza ibibanza bitegerezwa kujamwo umurundi afise amamuko yo mu Burundi gusa. Umukuru w-inama nshingamateka Gelase Ndabirabe akaba yaremeye izo nsiguro zatanzwe n-umushingamateka Agathon Rwasa maze iyo mpinyanyuro ica iremezwa.