Ubushikiranganji bw-indero butanga umuco ku kibazo co gupima ubumenyi abigisha bafise kigiye gukorwa.

0

Mu rwandiko rwasohowe n-ubushikiranganji bw-indero kuwa 13 Nzero 2022, bumenyesha ko ikibazo co gupima ubumenyi abigisha bafise kigiye gukorwa maze abatazogitora bace bigishwa n-abagitoye kubera ko ubwo bushikiranganji bwasanze hari abigisha bafise ubumenyi kurusha abandi.Umushikiranganji w'indero François Havyarimana nawe agiye kubogozwa/ Abigisha bagumutse/ Amakosa... - YouTube

Mw-urwo rwandiko, Umushikiranganji w-indero amenyesha kandi ko ata manota azosohoka ku mugaragaro kugira hamenyekane uwananiwe canke uwatoye ico kibazo ndetse nta mwigisha numwe azokwirukanwa hamwe bishitse akananirwa ico kibazo. Ikindi ubwo bushikiranganji buvuga nuko iyo ngingo yo gukoresha ikibazo abigisha atari nshasha , yateguwe kuva mu mwaka w-2019 n-umugambi CONFEMEN, gusa ngo iyo ngingo ntiyigeze isubira kuba, ubu rero akaba azoba ari incuro ya kabiri ico kibazo gikozwe.

Ico kibazo kikaba kigiye kuzokorwa n-abigisha 30.000. Abo ni abo guhera mu mwaka wa mbere  gushika muwa gatandatu wo mu nyigisho nshingiro.

Naho ubushikiranganji butanze umuco kw-ico kibazo kigiye gukorwa n-abigisha, Amasendika y-abigisha ahurikiye mu runani COSESONA aheruka kugabisha Leta ko ashobora guhagarika akazi hamwe ubushikiranganji bw-indero butokwisubirako kw-iyo ngingo yo gukoresha ikibazo abigisha mu ntumbero yo gusuzuma ubumenyi bafise. kubw-ayo masendika abona ko iyo ngingo ije kubakandamiza harimwo no kubasuzugura imbere y-abo bigisha mbere ngo nta nahamwe iyo ngingo yanditswe mu mategeko agenga abakozi ba Leta.