Mu masengesho yo gusozera ukwezi yama yatunganijwe n-umugambwe CNDD-FDD, umukuru w-igihugu c-uburundi yongeye gusubira kuvuga ko atagira abamufasha. Perezida Ndayishimiye avuga ko abomufashije aribo bambere bari mubarya ibiturire no gukora ayandi manyanga.
Mw-ico gikorane cari catunganijwe n-umugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD, Perezida Varisito Ndayishimiye yavuzeko asigaye yishimiye Imana gusa ko ariyo yo kuhamutora ndetse anasaba abanyagihugu ko bomufasha kumucungira kuko ibintu bibandanya bimera nabi na cane cane mu gisata c-ubutungane.
ˮ…Yemwe nzosaba Imana izobimfasha gushika naho hari n-abavuga ngo sawa none azohatambikiza hose ahamare?Ngo ivyo atabona ntituzobimubwira, ngo araza avyibonere ahatambikize hose turabe. Imana izoza iranyereka. Ego waruziko winyegeje uze ubona nakubonye. Kandi rero abantu barabimbwira ngo uraraba neza ngo abogufashije ntibariko baragufasha‟ Niko Perezida Varisito Ndayishimiye yabwiye abari bitabiye ico gikorane.
Ayo majambo yashikirijwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi afatwa na bamwe ko asa nuwutakicizeye cane mubamufasha kurongora igihugu. Ubuheruka hari kuwa 5 Ruhuhuma 2021 ku musi w-ihimbazwa ry-amasezerano y-ubumwe bw-abarundi aho Perezida Ndayishimiye yidogeye cane indongozi ataco ziriko zimufasha ahubwo zinamuca intege mukumwereka ko ataco aje guhindura kuvyari bisanzwe bitunganijwe. Abandi babona ko icari kuba ciza ari uko umukuru w-igihugu c-uburundi yokoresha ububasha ahabwa n-ibwirizwa shingiro ry-igihugu c-uburundi mukubogoza mu mabanga uwo wese ataco ariko akora comushimisha maze akamusubiriza n-uyundi hakuguma yidogera mw-isinzi ry-abantu kuko biza kumukurako igihagararo n-ijunja yarafise.
Â





Recent Comments