Mu gihe yariko arishura kuwa 29 Mukakaro 2021 ikibazo c-abanditsi n-abamenyeshamakuru kijanye n-igarukanwa ry-imamfu zimaze igihe kitari gito mu gihugu ca Kenya, Umushikiranganji Deo Guide Rurema muvyo ajejwe harimwo ibidukikije yemeza ko izo mamfu zishobora kugarukanwa mu gihugu c-uburundi ariko ngo bisabwa ko zibanza kwitegurirwa neza.
ˮIbi vy-imamfu nta kibazo biteye, ni ibihe vy-umunsi gusa. Ubu turiko turipanga.Turiko turabanza kwumvisha abenegihugu ukurwanya imiriro ya Nyakanga, kuko nkubu ntitwozana imamfu mu gihe abantu bataratahura neza ibijanye no gukingira ibidukikije . Erega natwe turashaka kuzivyazamwo umusaruro muri bamukerarugendo‟ Niko umushikiranganji Deo Guide Rurema yishuye abanditsi n-abamenyeshamakuru.
Umushikiranganji Deo Guide Rurema avuga ko ubu baguma batera akamo kugira ibigo vy-iratiro hamwe n-amashamba bikingirwe neza gutyo izo mamfu zimaze igihe muri Kenya zitahukanwe ubonako zanarwiriye . Twobamenyesha ko ivyo binyabuzima vyajanywe na Leta y-uburundi mu gihugu ca Kenya mu ntumbero yo kubihungisha kuko igihugu c-uburundi mu myaka 1995 cari mu bihe vy-intambara.





Recent Comments