Inyuma yaho Leta y-uburundi imenyeshereje ko ibanki y-isi yose igiye gutangura gutanga urucanco rw-ikiza ca Covid-19 , mu nyuma iyo Leta nyene igahava imenyesha abarundi ko atawo izohimiriza ngo afate urwo rucanco kiretse uwuzoba arwipfuza kurufata , Bamwe n-abandi babona ko Leta y-uburundi yarikwiye gufata iyambere mu gukingira abanyagihugu bayo ako karanda kamaze igihe kariko gasinzikaza isi.
Kubwa Frederic Bamvuginyumira,yahoze ari icegera c-umukuru w-igihugu,arashima ko Leta yatinze ikemera ko urucanco rw-ikiza ca Covid-19 rushika mu gihugu. Uwo yahoze ari icegera c-umukuru w-igihugu c-uburundi arongera akamenyesha ko Leta y-uburundi nyimba irinze yemera ko urucanco rwinjira mu gihugu nirwemere ariko ireke kuzana inzitizi mu kuvuga ko uwuzorwakira k-ubushake bwiwe kuvyo mushikira mu nyuma atobaza Leta. Ikindi  Bamvuginyumvira avuga ngo Leta y-uburundi niyihutire kubwira nyabuna  abarundi  iciza kiri mw-urwo rucanco rugiye gutangwa n-ibanki y-isi yose maze babone kwikingira ari benshi ico kiza gihanze isi.
Tubamenyeshe ko Ibihugu vy-uburundi hamwe na Tanzaniya arivyo vyari bisigaye bitarakira urucanco rwa Covid-19Â mu muryango w-ibihugu vya afrika y-ubuseruko. Umukuru w-igihugu ca Tanzaniya umupfasoni Samia Suluhu Hassan akaba aheruka mw-iyindwi gufata iyambere mukwiteza urucanco rw-umugera wa Covid-19 ndetse ahava ahimiriza abatanzaniya bose ko bokwitabira akamo abateye ko kwicandagisha ico kiza kimaze iminsi kiriko kiribonekeza cane mw-ico gihugu.





Recent Comments