Umukuru w-igihugu c-uburundi ahamagarira abarundi gushima Imana kuba yabarinze Covid-19.

0

Kuri uy-uw-Imana igihe yari yagiye gusengera muri Paruwasi Murayi iri muri komine Giheta, Umukuru w-igihugu c-uburundi yasavye abaje gusengera mw-iyo paruwase ko bokomera amashi Imana kubona yarinze uburundi n-abarundi ikiza ca Covid-19.Image

Naho Perezida Ndayishimiye avuga ko,  ico kiza kiriko kiriyongera ku rugero rwo hejuru ndetse rutari bwanaboneke mu Burundi nkuko biri mu cegeranyo c-ubushikiranganji bw-amagara y-abantu casohotse mu ndwi yaheze. Mu ntara zo mu buraruko nka: Kirundo, Ngozi  havurwa irwirirana ry-ibitigiri vy-abandura uwo mugera  kuburyo ibitaro bisa ni vyarengewe n-ubwinshi bw-abarwayi , Bamwe mw-abo barwayi baramaze gushirwa mu mashure atandukanye yo mu ndaro.

Kuri uyuw-Imana,  ubushikiranganji bw-amagara y-abantu no kurwanya SIDA bwaraye bumenyesheje ko abantu bangana 154 aribo batowe umugera wa Covid-19. Muri abo batowe uwo mugera, abagera 144 bawutowe mu burere bw-ubuvuzi 7 busanzwe bupima ico kiza.