Umurwi CVR uhamagarirwa kutaguma ukorera kuvyabaye 1972 gusa.

0

Mu gihe kuri uyu wa 25 Mukakaro 2021 ariho hibukwa imyaka 25 ihaciye hagandaguwe abanyagihugu barenga 600 bo mu bwoko bw-abatutsi  bari mw-ikambi y-impunzi y-i Bugendana, Ishirahamwe ryiyemeje kunywanisha no gufasha gutorera umuti muri kahise ARGEBU risaba umurwi w-igihugu wo kuvugana ukuri hamwe no kunywanisha abarundi CVR ko utoguma ukorera kuvyabaye mu mwaka w-1972 gusa ko wokwihutira nyabuna no gukorera kuvyabaye muyindi myaka. Iryo shirahamwe rirongera rigasaba Leta y-uburundi kwubahiririza ababa mu masite y-abateshejwe izabo ari mu ntara zitandukanye z-igihugu.Pictures] : Truth and Reconciliation Commission (TRC) in Mutobo/Giheta (Gitega Province) - RegionWeek

Umukuru w-ishirahamwe ARGEBU Pascal Ntahonkuriye avuga ko umurwi CVR uzwi ko ujejwe gukanda imitima y-abakomeretse woraba neza ntuhave uzofata umwanya munini uriko ukanda imitima ya bamwe mugihe iyindi iriko iratonekara .May be an image of 1 person, standing, outdoors and tree

Uwo arongoye ARGEBU asaba Leta ko yokwamirira kure  abagomba kuyisumvya inguvu mu bikorwa bimwe bimwe ata n-ububasha yabibahereye, nk-abamwe bari mu mashirahamwe atandukanye canke amashengero. Pascal Ntahomvukiye aratanga akarorero kubiheruka kubera muri komine Rango mu ntara ya Kayanza aho hari paruwase ya gatorika iheruka kubwira abacitse kw-icumu mu bwicanyi bwo 1993 ko boyivira mu matongo yayo. Ivyo uwo aserukira ARGEBU abona ko Leta ariyo yarikwiye gushira mu minwe ico kibazo kuko abo basanzwe baba mu makambi y-impunzi yo hagati mu gihugu niyo yabahaye amatongo baba barajamwo, ko rero ata muntu numwe yoja hejuru kuvyo Leta iba yakoze.