Igihugu c-uburundi nico gisigaye muri EAC kitarakira inkingo za COVID-19.

0

Inyuma yaho igihugu ca Tanzaniya cakiriye kuri uyu wa 24 Mukakaro 2021 imfashanyo z-inkingo za Covid-19 zigera ku mumiriyoni umwe, igihugu c-uburundi nico gihugu  gisigaye mu muryango wa afrika y-ubuseruko  kitaracandagisha abanyagihugu baco umugera wa Covid-19.Burundi: Abantu ijana bashasha batowe umugera wa Covid-19 - BBC News Gahuza

Ibihugu vy-uburundi hamwe na Eritreya nivyo bihugu bibiri bisigaye kandi ku mugabane wa afrika bitarasaba incanco zo muri wa mugambi wa COVAX. Imvo Leta y-uburundi itanga nuko ngo itazoha abanyagihugu bayo incanco zikiriko zirageragezwa n-amashirahamwe akora izo ncanco. Ariko naho biri uko, Leta y-uburundi  irongera ikavuga ko itarwanya umuntu numwe yokwakira urwo rucanco.

Bamwe n-abandi babona ko Leta y-uburundi ishobora kuzosanga iriko irizibirirako mu makungu bitewe no kwanka gutora incanco z-uwo mugera hakiri kare. Ndetse n-abanyagihugu bayo basangwe barabujijwe gufata ingendo mu bindi bihugu bahorwa ko igihugu bakomokamwo cafashe binenerwe mu kurwanya umugera wa Covid-19.