Umukozi wa Leta wese akorera mw-ikomine Musitanteri abwirizwa kumenya igikorwa ahakorera. Uwo mukozi wa Leta nyene akazosabwa gutanga icegeranyo c-ivyo arangura kwa Musitanteri. Bikaba biheruka gutangazwa n-umushikiranganji w-abakozi ba Leta mu nama aheruka kugirana n-aba musitanteri barongoye amakomine yo mu Burundi hari kuwa 6 Kigarama 2021 hari mu ntara ya Cibitoke.
Kuva ico gihe, Umushikiranganji Thadée Ndikumana yamenyesheje ko abo ba musitanteri babaye abakozi bakuru mu ma komine barongoye. Thadée Ndikumana yabivuze uku :«intumbero dufise nuko umukozi wa Leta atwarwa mw-ikomine ni ukubumvisha mwebwe ba musitanteri ko muri abakoresha b-abakozi ba Leta bo mu bushikiranganji bwose kugira ngo abakozi boroherwe hanyuma mumenye ko bari ku kivi kubera umwimbu batanze bace bahembwa.yaba umu sous-contrat, yaba umu sous-statut akorera mw-ikomine, wewe uramufiseko uburenganzira kumenya ivyariko akora»
Iyo ngingo ikaba ihagaritse umutima urunani rw-amasendika COSYBU. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IWACU, Melance Hakizimana ,icegera c-uwurongoye COSYBUÂ ntatahura ingene Musitanteri azoza gusuzuma abakozi bose ba Leta bari muri komine arongoye mu gihe benshi badatwarirwa mu bushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu . Kubwa Melance Hakizimana, ngo nyimba igihugu cahisemwo inzira y-ibiganiro n-amasendika , ico kibazo gikwiye kuhigirwa kugira amakenga ahere kanatsinda ngo nta n-itegeko na rimwe riha Musitanteri gutwara abakozi ba Leta bakorera muri komine arongoye.





Recent Comments