UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Gerard Ndayisenga, umukozi w-iperereza avurwa cane mu ma dosiye yo guhohotera abatavuga rumwe apfungiwe mu Mpimba.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amakuru aturuka mu biro bikuru vy-iperereza ry-uburundi, mu gipolisi hamwe no mw-ibohero rikuru rya Mpimba, yemeza ko Gerard Ndayisenga, Umukozi w-iperereza ry-uburundi yama yavuzwe n-amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu guhohotera harimwo no kwaka ubuzima abatavuga rumwe n-ubutegetsi ,abarizwa mw-ibohero rikuru rya Mpimba. Ayo makuru akavuga kandi Gerard Ndayisenga afunganywe n-akandi karwi bari bamaze imisi bakorana mu gukubita no kuboreza igufa abapfungiwe mw-iperereza.Pacifique Nininahazwe - Gérard Ndayisenga, umukuru w'iperereza mu ntara ya  Mwaro, asanzwe avugwa mu bwicanyi bwinshi cane. | Facebook

Nkuko vyatanguye kuvurwa kuva kuri uyu wa gatatu w-iy-indwi turimwo,  urupfu rw-umunywanyi w-umugambwe CNL Matata Augustin aheruka kwitaba Imana biturutse kw-ihohoterwa rikmeye yakorewe mw-iperereza rwoba arirwo ntandaro ry-ipfungwa ry-abo bakozi bakorera iperereza ry-uburundi.

Uwo Gerard Ndayisenga akaba yarazwi cane mu mabi atandukanye yagiye akorera abatavuga rumwe n-umugambwe CNDD-FDD barwiriyemwo kenshi abanywanyi b-umugambwe CNL urongowe n-umushingamateka Agathon RWASA.  Muvyo yagenda abakorera harimwo ukunyuruzwa mu nyuma bagatorwa ibiziga abandi bakaburwa irengero, uguhohoterwa bidasanzwe iyo bashikanywe mu busho bw-iperereza.  Abanyagihugi bo mu ntara yagiye akoreramwo za Mwaro, kayanza, Karusi, Muyinga, Karusi, Muramvya na Bujumbura-Rural bakavuga ko batazopfa bamwibagiye ku marorerwa yakoreye ababo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments