UBM News ads UBM News ads
Friday, June 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Makamba (Mabanda): Abantu b-abakehabwenge baguma bicwa mu buryo budasobanutse.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abantu bagera kuri batatu b-abakehabwenge barishwe muri aya amezi abiri  mu buryo budasobanutse muri komine Mabanda iri mu ntara ya Makamba. Abakoze ubwo bwicanyi bakaba bataramenyekana. Abanyagihugu bo mw-iyo komine  bakaba bikeka ko ubwo bwicanyi bwoba bufitaniye isano n-ivyo kuraguza.Aidons les malades mentaux - Home | Facebook

Abo bishwe bari basanzwe bazwi cane  ku murwa mukuru wa  komine Mabanda, abo n-abo ni abitwa: Jérémie, Ntisinzira hamwe n-uwundi mugore yitwa Ntisinzira bose bishwe ukuntu kutumvikana.

Nkuko tubisoma mu kinyamakuru Sos Médias Burundi, Abo bamaze kwicwa boba bishwe n-abantu bibaza ko boca batunga mu gukoresha ibihimba vy-irondoka, amabere, co kimwe n-igitereko  bakuye ku bantu b-abakehabwenge.

Amakuru ava mu banyagihugu bo mw-iyo komine akabandanya yemeza ko hari abandi bantu bafise ibimenyetso nk-ivyo babuzwe irengero  hakaba haciye imisi mikeya. Gushika uy-umusi ntawuziko abo bantu boba bakiriho.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments