UBM News ads

Umuji wa Nairobi washizwe k-urutonde rw-imiji yo kw-isi igoye kubamwo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu matohoza yakozwe n-ishirahamwe VAAY ryo mu gihugu c-ubudagi risanzwe riraba ivyo kubaho neza ,yerekana ko umurwa mukuru w-igihugu ca Kenya  uri mu bisagara 80 vyo mu bihugu 100 vyo kw-isi  bisanzwe bigoye kubamwo.Sustaining local entrepreneurship and job creation in Kenya | by Ben & Alex  | Medium

Ayo matohoza yakozwe n-ico kigo co m-ubudagi  yerekeye ku bisagara bingana 100 yo kw-isi ufatiye ku bituma vyishi bitandukanye:umutekano , ukungana kw-ibitsina hamwe n-ubukeyi bw-umurwi w-abantu, ukwo vyifashe mu bibazo vy-ubutunzi na politike, ubwinshi bw-abanyagihugu, ivyo kubungabunga ibidukikije, ingorane zifatiye ukwo abantu babayeyo muvy-ubutunzi, imirongo miremire y-imiduga mu mabarabara , n-ibindi n-ibindi,…

Mw-ayo matohoza yakozwe na VAAY, Igisagara ca Mumbai kisanzwe kiri mu gihugu c-ubuhindi kiza ubwa mbere kw-isi mu bisagara bigoye kubamwo. Ibindi bisagara biri muri bitanu vyanyuma mw-ico cegeranyo ni : Lagos, Manille, New Delhi, Badgad na kaboul.

Igisagara ca  Nairobi kikaba gifise amanota meza muvyo kwitararika isuku n-ibidukikije, ibihe vy-ibirere ni vyiza,  muvya tumye uwo muji uhabwa amanota ya 56,1% ufatiye ku manota 100 yari yafatiweko. Naho biri ukwo, ico gisagara kiza  ubwanyuma mu manota ufatiye kuvyo kwivuza ,ku bibazo vya politike hamwe no wiyunguruza bigoye bitumwe  n-imirongo miremire y-imiduga  mu mabarabara benshi bita embouteillages. Ikindi , Nairobi  ivugwamwo abantu beshi aho k-urugero rwa kirometerokare  hari abanyagihugu 6.318. Ico gisagara kikomeye mu karere ka  East African community kirakunda kandi kuburamwo amazi mu gihe imvura idasiba kuza irarwa mw-ico gisagara

Amatohoza ya VAAH ashira kandi k-urutonde rwa mbere igisagara ca  Reykjavik wo mu gihugu ca Islande aho  mw-ico gisagara horoshe cane kuhaba. Hagakwirikira ibisagara vya Berne, Helsinki, wellington,Melbourne, Oslo, Copenhague, Innsbruck, Hanovre, et Graz  co muri Autriche.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments