Ishirahamwe LIGUE ITEKA rijejwe guharanira agateka ka zina muntu mu Burundi ryararungikiye urwandiko Perezida Varisito Ndayishimiye mw-uw-umwaka umwe amaze k-ubutegetsi rimumenyesha ko ibijanye n-umutekano hamwe n-agateka ka zina muntu mu Burundi bigeze ahatemba.
Kubwa Anschaire Nikoyagize arongoye LIGUE ITEKA, amenyesha ko mu kiringo c-umwaka umwe Perezida Ndayishimiye amaze k-ubutegetsi, abantu bagera ku 554 barishwe ,murabo ibiziga bigera 250 vyatowe mu mihingo itandukanye y-igihugu c-uburundi bimwe vyatorwa mu mashamba, mu nzuzi, mu biyaga, mu mabarabara,. Ishirahamwe LIGUE ITEKA rivuga ko uwo mwaka wose uhaciye Perezida Ndayishimiye ashikiye ubutegetsi wabaye umwaka w-amagume ngo kuko ribivuga rifatiye kw-ivyo biharuro rifise rikageraranya n-imyaka itandatatu ihaciye igihugu kimazemwo mu magume atewe n-ukwitoreza kwa Petero Nkurunziza ikiringo ca gatatu risanga ari ibice 20% vy-abishwe , rigereranije naho n-imyaka itanu yatwawe n-umuhisi Petero Nkurunziza risanga abapfuye ari 25%.
LIGUE ITEKA irangiza itanga nk-icokorwa kugira hagaruke ituze mu gihugu c-uburundi ngo n-uko Perezida Ndayishimiye yategerezwa kwihutira kwaka ibirwanisho vyahawe urwaruka rw-imbonerakure rusanzwe ruri mu mugambwe aturukamwo ndetse yanarongoye.Ikindi gisabwa na LIGUE ITEKA n-uko umukuru w-igihugu c-uburundi yohagararira vyukuri urwego rw-ubutungane akareka kuza aridoga ko hari abaguma bakora ivyaha bitandukanye mu gihugu arongoye kandi vyari vyoroshe kuko abiherwa n-amategeko hamwe n-ibwirizwashingiro mu gushengeza uwo wese aguma yaka ubuzima ubuzima bwa mugenziwe ataravye nkunzi canke akamwana wa mama.
Recent Comments