UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abantu 554 nibo bishwe kuva Perezida Ndayishimiye ashikiye ubutegetsi, bivurwa na LIGUE ITEKA.

UBM News ads

Ishirahamwe LIGUE ITEKA rijejwe guharanira agateka ka zina muntu mu Burundi ryararungikiye urwandiko Perezida Varisito Ndayishimiye mw-uw-umwaka umwe amaze k-ubutegetsi rimumenyesha ko ibijanye n-umutekano hamwe n-agateka ka zina muntu mu Burundi bigeze ahatemba.Le «phénomène des cadavres» s'amplifie – IWACU

Kubwa Anschaire Nikoyagize arongoye LIGUE ITEKA, amenyesha ko mu kiringo c-umwaka umwe Perezida Ndayishimiye amaze k-ubutegetsi, abantu bagera ku 554 barishwe ,murabo ibiziga bigera 250 vyatowe mu mihingo itandukanye y-igihugu c-uburundi bimwe vyatorwa mu mashamba, mu nzuzi, mu biyaga, mu mabarabara,. Ishirahamwe LIGUE ITEKA rivuga ko uwo mwaka wose uhaciye Perezida Ndayishimiye ashikiye ubutegetsi wabaye umwaka w-amagume ngo kuko ribivuga rifatiye kw-ivyo biharuro rifise rikageraranya n-imyaka itandatatu ihaciye igihugu kimazemwo mu magume atewe n-ukwitoreza kwa Petero Nkurunziza ikiringo ca gatatu risanga ari ibice 20% vy-abishwe , rigereranije naho n-imyaka itanu yatwawe n-umuhisi Petero Nkurunziza risanga abapfuye ari 25%.

LIGUE ITEKA irangiza  itanga nk-icokorwa  kugira hagaruke ituze mu gihugu c-uburundi ngo n-uko Perezida  Ndayishimiye yategerezwa kwihutira kwaka ibirwanisho vyahawe urwaruka rw-imbonerakure rusanzwe ruri mu mugambwe aturukamwo ndetse yanarongoye.Ikindi gisabwa na LIGUE ITEKA n-uko umukuru w-igihugu c-uburundi yohagararira  vyukuri urwego rw-ubutungane akareka kuza aridoga ko hari abaguma bakora ivyaha bitandukanye  mu gihugu arongoye kandi vyari vyoroshe kuko abiherwa n-amategeko hamwe n-ibwirizwashingiro mu gushengeza uwo wese aguma yaka ubuzima ubuzima bwa mugenziwe ataravye nkunzi canke akamwana wa mama.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments