Abatowe mu nama mpanuzwajambo z-amakomine agize igisagara ca Bujumbura bamenyesha ko agashirukabuta kasanzwe kazwi kw-izina rya ˮJeto de presence‟ bahabwa iyo bitavye ibikorwa vy-izo nama mpanuzwajambo ya komine kagabanijwe cane kava ku mafaranga y-amarundi ibihumbi mirongo itanu 50.000 Fbu kashirwa ku bihumbi mirongo ibiri vy-amarundi 20.000 Fbu.
Nk-uko bimenyeshwa n-umwe ari mu nama mpanuzwajambo ya komine zigize igisagara ca Bujumbura, amenyesha ko mw-iy-indwi yarangiye bari bitavye ibikorwa mu nyuma barangije inama baca batangura kwitegurira guhabwa akabahasha nk-uko bari basanzwe babimenyereye nikwo guca babwirwa ko ako gashirukabute kabo ubu kagabanijwe ko bagiye kuza bahabwa amafaranga ibihumbi mirongo ibiri vy-amarundi 20.000 Fbu ko kandi bovyemera ukwo kuko itegeko ryavuye hejuru. Kubw-abo batowe mw-izo nama mpanuzwajambo za komine , bamenyesha ko ivyo vyokubagabaniriza agashirukabute kabo vyoba biriko biva k-ukuntu hashakwa kubanganisha n-abagenzi babo bo muzindi komine zo mu gihugu hagati kandi ubuzima basanzwe babayemwo atari bumwe aha bakavuga ukuntu mu gisagara ca Bujumbura ubuzima bwaho busanzwe buzimvye .
Abo batowe, babandanya bavuga ko bababajwe no kubona ingingo nkizo zifatwa kandi zikanashirwa mu ngiro batagishijwe inama ngo bamenye n-impamvu iba yabitumye , barongera kandi bagatunga agatoki ishirahamwe ABELO risanzwe rihurikiyemwo abatowe bose kuva ku nzego zo hasi gushika kuzo hejuru ko ariryo riri inyuma y-iryo gabanywa ry-ako gashirukabute bahora bahabwa.





Recent Comments