UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umuhari INAMAHORO baratewe umutima uhagaze n’irungikwa ry’abasirikare muri Kongo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano urahagaritswe umutima n’ingingo ya Leta y’u burundi yo kurungika abasirikare n’urwaruka mu ntamabara irangwa muri Kongo atawe bagishije inama kandi uburundi atanyungu buyizagamwo.ivyo bishikirizwa na Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari aho asaba Leta y’uburundi kuba umuhuza mwiza mu gutatura amatati ari hagati y’abavukana idahengamiye k’uruhande rumwe.

Kubw’ inkuru dukesha radiyo RPA ijwi ry’Amerika, Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari agira ati:« mu Muhari Inamahoro turarajwe ishinga n’ingingo uburundi bwafashe yo kuja kurwana intambara iriko ibera muri Kongo igihugu kibanyi ico iwacu mu kirundi twita umuzimyamuriro,hama uburundi buja gufata uruhande rumwe ntirwajanwa no kuzimya umuriro ngo rugende rugiye gufasha ico gihugu.mur’ico gihugu ca Kongo umuhari M23 uhanganye n’igisirikare ca Kongo ntitugaruka kuvyo M23 iriko irarwanira canke isaba n’ivyabo.ariko ikibazo cacu n’iki”inyungu uburundi bufise muri indwano niyihe?n’igiki gituma umukuru w’igihugu ashira hasi ineza y’abarundi akarungika igisirikare c’igihugu muri urwo rugamba ubu naho batanguye kwegeranya urwaruka rw igihugunarwo rurungikweyo.mbega ubwo abarundi baribaza inyungu abarundi bazokura muri urwo rugamba».

Leta y’uburundi iravugwa cane mw’irungikwa ry’abasirikare b’igihugu mu ntambara iriko irabera muri Kongo aho umuhari M23 urwanya ubutegetsi bwa Kongo warwije ibitero werekeza umuji wa Goma mur’iyi misi.ikibabaje nuko hari abasirikare benshi bamaze kuhasiga ubuzima mbere n’imiryango yabo ikaba isigaye mu gahinda.Leta y’uburundi irakwiye kuva mu gacerere ikamenyesha abarundi inyungu irimwo mu kurungika abo bana b’igihugu ikanashumbusha mbere n’imiryango yaburiye ababo mur’iyo ntambara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments