UBM News ads UBM News ads
Friday, June 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ihuriro ABC na FODIB basaba Evariste Ndayishimiye gukurayo abasoda barungitswe muri kongo kurwana na M23.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ihuriro ry’abarundi baba mu bihugu vya Burayi”FODIB” na Canada “ABC” baranegura ingingo ya Evariste Ndayishimiye yo kurungika abasoda b’igihugu muri Kongo kurwana na M23 kandi yabikoze biciye kubiri n’amategeko bagasaba mbere ko n’imiryango yabaguye k’urugamba yoshumbushwa..ivyo biri mw’itangazo ryasohowe ku musi wa kabiri n’ayo mahuriro y’abarundi ari mu bihugu vya burayi na Canada.

Kubw’inkuru dukesha Tele renaissance, Oscar Butare arongoye ihuriro FODIB aranegura kandi ingingo yo kwugara imbibe z’uburundi bihana n’igihugu c’urwanda.bobo babona ko iyo ngingo yategetswe n’ubutegetsi bwa Kongo kandi iyo ngingo ataco iza gufasha abarundi.

Uwo arongoye ihuriro FODIB agira ati :«twanditse urwandiko aho twerekana akababaro dufise ku ngingo ziheruka gufatwa na Evariste Ndayishimiye yo kurungika abasoda muri Kongo kurwana na M23 ivyo akaba yabikoze kandi ariwe yari arongoye EAC kandi muri EAC bari bamaze kurungika inteko zo kugarukana amahoro n’umutekana muri Kongo ariko Ndayishimiye agaca abirengako akarungika abasirikare bagenda gufasha Kongo kandi biciye kubiri n’amategeko bisigura ko aba yafashe uruhande yegamira kandi ata nyungu uburundi bubifisemwo kuja kwivanga n’intambara yo muri Kongo iyo ngingo ikaba yahonyanze ibwirizwa nshingiro ry’uburundi.tubabajwe kandi n’ingingo yo kugara imbibe z’uburundi bihana n’igihugu c’urwanda aho dusanga iyo ngiyo yafatiwe i Kinshasa kunyungu za Kongo gusumba inyungu z’uburundi».

Abarundi batari bake barabandanya gusaba Leta y’uburundi kugira ico ikoze igatanga umuco kwirungikwa ry’abasirikare b’igihugu n’inyungu aburundi babifisemwo.bu kugeza uyu musi akaba ata mucoLeta iratanga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments