UBM News ads

Umuhari Hezbollah tuzowurandurana n’imizi ata kigongwe-Benjamin Netanyahu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Benjamin Netanyahu yemeza ko bagiye gusenyura burundu umuhari Hezbollah ata kigongwe gushika bawurangije kandi yemeza ko irani izoterwa giturumbuka itavyiteze.
Umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli Benjamin Netanyahu mu gihe yariko aragendera ikambi izwi nka Golan Brigade Training base iheruka kuraswa kuri uyu wa gatandatu kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2024 yaramenyesheje ko isiraheli igiye kurandurana n’imizi umuhari w’iterabwoba Hezbollah ata kigongwe.

Netanyahu yaragarutse kandi kubasirikare ba ONU baheruka kuraswa muri Libani aho abagiriza kuba babika abarwanyi ba Hezbollah.yagize ati:”Isiraheli turi kurwana n’umuhari Hezbollah uguma uza kwica abisiraheli ubahora ubusa kandi ushigikiwe na Irani.bahejeje bagaca binyegeza munkambi z’abasirikare bari mu butumwa bw’amahoro ba ONU.isiraheli izokwivuna igitero ico arico cose aho giturutse.”. Netanyahu abandanya yerekana ko irani iri mu mugambi ugayitse wo gushigikira imihari y’iterabwoba nka Hezbollah ariko ko nayo izovyishura ikiguzi kinini mumwanya itavyiteze.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments