UBM News ads

Paul Kagame yitwariwe muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abakongomani baba kumugabane w’ibulayi baraye bitwariye prezida Paul Kagame w’urwanda muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha bakaba basaba ko hasohoka umutahe wo guta muri yompi Paul Kagame.

Bamwagiriza ivyaha vy’ihonyabwoko hamwe n’ivyaha ndengerabutungane ari gukora mubuseruko bwa Kongo.

Aba kongomani baharanira amahoro n’umutekano”DIPASEC”baba kumugabane wa bulayi baraye bitwariye prezida paul Kagame muri sentare Mpuzamakungu mpanavyaha kuvyaha vy’ihonyabwoko,ivyaha vyo muntambara n’ivyaha ndengerabutungane ari gukora muri mu buseruko bwa kongo yinyegeje inyuma y’umuhari M23.

Mu rwandiko bashikirije Tomoko Akane arongoye sentare mpuzamakungu mpanavyaha kw’igenekerezo rya 10 gitugutu 2024 bamenyesha ko ubutungane busabwa gukora vuba kumabi prezida Paul Kagame ariko arakora muri Kongo mukiringo c’imyaka 30 iheze mbere bagasaba ko hasohoka umutahe wo guta muri yompi prezida kagame hamwe n’abasirikare bamwe bamwe bakuru bari mu mugambi umwe wo guteza akaga muri RDC.

Nkuko abo bakongomani babishikiriza bavuga ko igisirikare ca Paul Kagame cihisha inyuma y’umuhari m23 mu ookwitwaza ko kiri kurondera abakoze ihonyabwoko mu rwanda mu mwaka wa 1994.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments