UBM News ads

Urunani CRN rusaba Amakungu guhagarika umugambi w’inkinamico y’amatora yimirije mu Burundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Urunani Mbogoragihugu CRN ingeri ya rugamba rurwanya Leta y’uburundi rusaba amakungu kugondoza Leta y’uburundi kugira ihagarike umugambi w’inkinamico y’amatora ya 2025 kuko azoteza imvururu mu gihugu.

Chauvineau Murwengezo avugira urwo runani avuga ko icihutirwa ari ibiganiro birimwo abarundi bose bihagarariwe n’amakungu,ONU,ubumwe bwa bulayi,ubumwe bw’Afrika,EAC kugira basubize uburundi ku muringo wa democratie n’iterambere.

Urunani Mbogoragihugu CRN ingeri ya Rugamba rwaraye rusohoye itangazo ryerekeye umugambi w’amatora yo mumwaka uza ya 2025 aho urwo runani rumenyesha ko ayo matora ashobora kubamwo imvururu zikomeye arico gituma rusaba amakungu guhagarika umugambi w’amatora bise inkinamico yo mumwaka wa 2025.

Chauvineau Mugwengezo avugira urwo runani amenyesha ko bamaze kwandikira umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres kuwa 10 nyakanga 2024 amumenyesha ko mu burundi hariko haraba ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu burundi ibishobora guteza akaga gakomeye mu gihugu hamwe hatogira igikozwe.

Chauvineau Mugwengezo abandanya amenyesha ko yandikiye kandi uwurongoye umuryango wa Afrika y’ubuseruko Prezida Salva kiir wa sudani y’epfo amumenyesha kuvyerekeye ishirwa mu ngiro ry’ingingo ya sentare ya Afrika y’ubuseruko yerekeye ikiringo ca 3 c’uwahoze arongoye igihugu Petero Nkurunziza.

Chauvineau Mugwengezo arangiza atera akamo amakungu kugira ahagarike umugambi w’amatora habanze habe ibiganiro bidakumira birimwo abarundi bose batandukanye,bihagarariwe n’amakungu:ONU,Ubumwe bw’Afrika,ubumwe bw’Afrika y’ubuseruko,ubumwe bwa bulayi kugira babanze gusubiza uburundi ku murongo mwiza wa Democrasi n’iterambere.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments