UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umugambwe UPRONA ugiye kugira ikibanza kiboneka mu gihugu-Thacien Sibomana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Thacien Sibomana yahora arongoye ishami ryiyonkoye ku mugambwe w’abadasigana UPRONA avuga ko igihugu kiri mu bibazo bikomeye kubera umugambwe UPRONA wari waracitsemwo ibice ukabura aho uvugira ngo ukebure Leta mu bibazo vya politike,imibano n’ubutunzi.kubwiwe ubu ko habaye ibikorwa vyo kwiyunga ku mpande 2 bagiye gusubirana inguvu mu gihugu mbere abarundi babizeye bakabatora ntankeka igihugu bokibogora.N’inyuma yaho kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya habaye ibikorwa vyo kwiyunga ku mpande 2 rumwe ruyobowe na Olivier Nkurunziza n’urundi rwari ruyobowe na Thacien Sibomana.


Kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 25 rusama 2024 harabaye ibikorwa vyo kwiyunga mu mugambwe w’abadasigana Uprona ku mpande 2,rumwe rwahora ruyobowe na Thacien Sibomana n’urundi rwahora ruyobowe Olivier Nkurunziza.ku mpande zose barashimye igikorwa bashitseko co kuja hamwe narirya himirije amatora mu mwaka uza.

Thacien Sibomana yamenyesheje ko aho umugambwe UPRONA utahora ufise aho uvugira ngo ushobore gukebura Leta mu bibazo arico gituma igihugu c’uburundi kiri mu bibazo vyinshi.Agira ati:«Ubu rero tugiye gushira inguvu hamwe dufashanye mu gukemura ibibazo bihanze umugambwe n’igihugu.Aho umugambwe UPRONA utari ugifise aho uvugira ngo ushobore gukebura Leta,murabona ko igihugu cugarijwe n’ibibazo vyinshi.rero ntakeka ubu tugiye kugira inguvu mu gihugu mbere abarundi batwizeye bakadutora igihugu twoshobora kugishira ku murongo.»

Kuruhande rwa Olivier Nkurunziza yamenyesheje ko ashimishwa no kubona impande zompi zagiye hamwe bakarengera ibibatandukanya ku nyungu zabo n’izo igihugu.yagize ati:«Icamye kiranga umugambwe w’abadasigana UPRONA n’ukuganira.ubu rero turemeye kuja hamwe turengeye ibidutandukanya twubake umugambwe n’igihugu narirya amatora yegereje.»

Igikorwa cabaye muri Uprona N’igikorwa c’iteka kuko gusambuka kw’imigambwe biri mu bituma myishi itakaza inguvu mu gihugu bigatuma idashobora guhangana n’umugambwe uri kubutegetsi.Abanyamigambwe bose batandukanye bakwiye gufatira akarorero keza k’umugambwe UPRONA bakarengera ibibatandukanya bakaja hamwe mu kubaka imigambwe yabo n’igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments