UBM News ads UBM News ads
Saturday, June 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umuyagankuba uzoba wamaze gukwira igihugu cose gushika mu mwaka wa 2030-Jérôme Niyonzima

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa Leta y’uburundi Jérôme Niyonzima avuga ko Leta y’uburundi igiye guhabwa ingabire y’imiriyoni 100 z’amadorare y’Amerika n’ibanki nkuru y’isi yose mu ntumbero yo gukwiragiza umuyagankuba mu gihugu cose gushika mu mwaka wa 2030.ibi biri muvyizwe mu nama nshikiranganji iherutse gukorana igenekerezo rya 22 rusama 2024 nkuko vyaraye bishikirijwe n’umuvugizi wa Leta y’uburundi Jérôme Niyonzima avugira Leya y’uburundi.


Umunyamabanga wa Leta y’uburundi akaba n’umuvugizi wayo Jérôme Niyonzima yaraye atangaje ko Leta y’uburundi igiye guhangana n’ikibazo c’umuyagankuba kugira ngo gushika mu mwaka wa 2030 umuyagankuba uzoba wamaze gushika mu gihugu cose.ibi bikaba biri mu vyatumye Ibanki y’isi yose yemera gutanga imiriyoni 100 z’ama dorari y’amerika kugira ashigikire muri uwo mugambi.

Jérôme Niyonzima agira ati:«mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’igihugu w’iterambere usubiwemwo n’irangurwa ry’amahangiro y’imbona kazoza ya 2040 y’igihugu cifashe na 2060 igihugu giteye imbere,Leta y’uburundi iramaze gukora ibitari bike yarihaye ihangiro rihambaye ryuko umuyagankuba woba wakwiye mu gihugu cose mu mwaka wa 2030.uwo mugambi w’igihugu wogukwiragiza umuyagankuba uzofatwa mu gihugu n’ibanki y’isi yose mu gutanga imiriyoni 100 z’amadorari y’amerika.»

Umuyagankuba umaze igihe ari ikibazo gikomeye mu Burundi aho mbere n’abikorera ubuzi bukeneye umuyagankuba benshi bakoze uruhombo.ikena ry’umuyagankuba mu Burundi rishobora gutuma amahinguriro amwe amwe akenera umuyagankuba akora asubira inyuma mbere bigatuma n’abanyamitahe badashobora kuza mu gihugu gushinga amahinguriro kubera ata muyagankuba uriho.Leta y’uburundi ikwiye gukemura iki kibazo kugira igihugu gishobore gushika kuri yam bona kazoza ya 2040-2060.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments