UBM News ads UBM News ads
Saturday, June 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Hari ibitero vyo guhungabanya umutekano biriko birategurwa n’akarwi k’iperereza-Bob Rugurika

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuyobozi w’iradiyo RPA Bob Rugurika amenyesha ko hari ibitero vyo guhungabanya umutekano biriko birategurwa n’akarwi k’iperereza kegereye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye bizoheza bikegekwa kubatavuga rumwe na Leta hamwe n’igihugu c’urwanda nkuko biherutse kuba mu gisagara ca Bujumbura.Ibi yabishikirije mu makuru yo kuri radiyo Rpa yo kuri uwu wa 24 rusama 2024.


Bob Rugurika avuga ko afise amakuru akwiye ava mu begereye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu mugambwe hamwe n’abari muri Leta avuga ko hari ibitero biriko birategurwa n’akarwi k’iperereza kugira bavyegeke kubatavuga rumwe na Leta hamwe n’igihugu c’urwanda.

Bob Rugurika agira ati:«inyuma y’ibitero vy’ama grenade biheruka kubara mu gisagara ca Bujumbura,amakuru dufise turiko turahabwa na bamwe mu begereye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye,haba abari muri Leta n’abari mu mugambwe eka mbere naba somambike biwe bavuga ko hari umugambi wo guhungabanyanya umutekano bizakokwegekwa kubatavuga rumwe na Leta hamwe n’igihugu c’urwanda.uwo mugambi ugayitse uriko urategurwa mbere no mu ntara hagati mu gihugu n’abariko barabitegura n’abazobikora barazwi.Abantu benshi bamaze kurambirwa n’ibiriko biraba mu gihe hari hakwiye kuboneka umuti w’ibibazo bihanze igihugu c’uburundi na cane cane ubukene bwugarije abanyagihugu ibi bintu ntavyo bacipfuza.Dusaba Ndayishimiye kureka uwo mugambi ugayitse ahubwo atorere inyishu zihanze igihugu c’uburundi.»

Uwo arongoye I radiyo Rpa abandanya avuga ko hari n’umugambi wo kugandagura uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni ukozwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye bakoranye n’iperereza.

Bob Rugurika arongera ati:«Mwarabonye ejo bundi umukobwa wa Bunyoni bamusaba amananiza ngo akure impuzu zose igihe yari amugemuriye,amakuru dufise ava mubegereye Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga Bunyoni ashobora kwicwa umwanya n’umwanya kuko ndayishimiye yarahiye ararengwa ko Bunyoni ategerezwa kwicwa.rero umuryango wa Bunyoni wohagabira kuko ntawuzi inzira bagiye kubicishamwo ariko umugambi wo ku mwica urahari.»

Iki gihe igihugu c’uburundi gifise ibibazo vyinshi haba muri politike no mu butunzi bikeneye inyishu irama rero biteye isoni kubona hariho abaguma bashaka gusubiza uburundi inyuma hakubuteza imbere.abarongoye ubutegetsi bari bakwiye gukemura ibibazo bihanze uburundi maze uburundi bukagira ijambo haba mukarere no kuyindi migabane kandi birashoboka ikibuze n’ishaka n’ugushaka gusa!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments