UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umugambwe Sahwanya Frodebu usaba Leta y’uburundi gutorera umuti ikibazo c’igitoro

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umugambwe Sahwanya Frodebu utera akamo Leta y’uburundi guhagurukira ikibazo c’igitoro gihanze abenegihugu aho hibonekeza imirongo miremire y’abatondeye igitoro bamwe bagataha batanakirose ahandi naho hakibonekeza imirongo miremire y’abanyagihugu batondeye imodoka ariko ntiziboneke bamwe bagahitamwo kugenda n’amaguru.


Nkuko tubikesha urubuga x(twitter)rw’umugambwe Sahwanya Frodebu bagira bati:«Umushikiranganji w’ubudandanji yariyemereye ko hari ubukene bw’amafaranga y’agaciro none n’ibiki biri gukorwa? Mbega n’izihe ngingo ziri gufatwa kugira haboneke igitoro n’ibindi vyankenerwa?turasaba ko habaho gufata ingingo kugira haboneke umuti urama kw’ibura ry’igitoro.»

Haraheze imisi hasubiye kwibonekeza ubukene bw’igitoro mu gihugu aho mbere abenegihugu benshi barwa mu mporero kubera abiyunguruza baja hagati mu gihugu usanga amafaranga yo kwiyungurunza aca aduzwa.Ahandi naho ugasanga imirongo miremire y’abanyagihugu batondeye imodoka n’iyibonetse ugasanga n’ukunigana cane kugira ushobore kwinjira.Abasanzwe batwara imodoka zo kwunguruza abantu haba mu gisagara canke hagati mugihugu usanga nabo batondeye igitoro umusi wose bagataha batanakirose.

Umukuru w’igihugu aherutse kuvugira I Gitega kuri uyu wa gatandatu uheze ko uburundi uburundi ubu butagisaba infashanyo ahubwo bugiye gufasha ibindi bihugu ariko naho biri uko igihugu c’uburundi kiriko gica mu bihe bikomeye muvy’ubutunzi aho hibonekeza ubukene bw’igitoro,isukare,ikena ry’amafranga y’agaciro,umuyagankuba tutibagiye izamuka ry’ibiciro mu masoko atandukanye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments