UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Uburundi bubayeho kubera imfashanyo-Faustin Ndikumana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem rihamagarira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama avuga ko Leta y’uburundi ibayeho kubera imfashanyo ironka hanze kubwiwe ngo ntibitahuritse kubona abategetsi uhereye ku mukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye bavuga ko Uburundi ata mfashanyo bugikeneye.ibi abishikirije inyuma yaho umukuru w’igihugu amenyesheje ko ata mfashanyo bagikeneye ahubwo uburundi bugiye gufasha ibindi bihugu.Hari ku wa gatandatu uheze I Gitega ku musi mukuru wahariwe abakenyerarugamba,umuhari w’abakenyezi wegamiye umugambwe Cndd-Fdd.


Uwo arongoye parcem agira ati:«Nta wovuga ngo Uburundi ntibukeneye imfashanyo kira noneho nkubu uravye I banki nkuru y’isi yose,ibanki nkuru y’Afrika biracashira uburundi mu bihugu bihabwa imfashanyo mbere bidashobora kuronka n’ideni, ahubwo twige no kumara imfashanyo izo banki nkuru nkuru baduha kuko uravye baraduha imfashanyo ntituyimare.uravye mu mafranga Leta izokoresha uyu mwaka harimwo imiriyaridi amajana cenda(9,000,000,000fb) azova mu mfashanyo,urumva ko tugishiramwo amafranga y’imfashanyo mu nteguro y’amafaranga Leta izokoresha nikubera tuyikeneye.N’ikigega mpuzamakungu FMI giheruka guha imfashanyo u Burundi.uravye iyi mbona kazoza ya 2040 hose hagumamwo inkingi ijanye no kurondera amafaranga kugira ibintu bigende neza.n’ejo bundi inama nshikiranganji yaremeje yarateyeko umukono kumasezerano y’imfashanyo y’ikigega IDA kugira dushobore kwinjiza ibintu vya nkenerwa.»

Biragaragara ko Leta y’uburundi igikeneye imfashanyo nyishi kugira ishike kw’ihangiro yihaye hamwe na ya Mbona kazoza ya 2040-2060.Leta y’uburundi ikwiye kugenzura neza kumfashanyo ihabwa kubera hagiye hibonekeza ubunyonyezi bukomeye mumafaranga aba yatanzwe kugira Leta irangure imigambi y’igihugu kandi bigakorwa n’abategetsi bari mu nzego zifata ingingo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments