UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abarundi bahamarirwa kwijukira ubworozi bw’inkwavu-Prezida Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihucu c’uburundi ahamagarira abarundi kwijukira ubworozi bw’inkwavu kuko amafaranga azovamwo bazishoye mu makungu ariyo azokwubaka amabarabara. ibi prezida akaba yabivugiye mu ntara ya Gitega kuri uyu wa gatandatu uheze ku musi mukuru wahariwe abakenyerarugamba,umuhari w’abakenyezi wegamiye umugambwe Cndd-Fdd.


Prezida Varisto ndayishimiye yagize ati:«Namaye niyumvira kuri wa mugambi yuko umuryango wose utegerezwa kworora udukwavu,agakwavu n’akantu gatoyi nico gituma ndababwira nti ntimuze mwigane barya bamaze gushika mu gicu,hera iwawe uhere mu muryango.Ni mufate rero yuko ubu twese dutunze inkwavu zizoturengera tuzishore,ntawuzogurira uwundi kubera nae azoba afise nta yindi nzira tuzocamwo tuzoca dushora hanze.Nimwiyumvire uko Abarundi bangana bashora urukwavu rumwe ku musi,ku musi zice ziba imiriyoni cumin a zibiri(12.000.000.000fb)hama mu rwize mwumve ama toni arimwo,uyashoye hanze wumve amahera azoba aje muce muharura mwumve ku musi tuzoba turonka ikaburimbo ry’ibirometero 50(50km).»

Uyu mugambi w’inkwavu Ndayishimiye avuga ko abanyagihugu bowijukira n’umugambi ubona ko utateguwe neza mu gihe abanyagihigu batunze utwo dukwavu birirwa basemerera ko inkwavu ziri kubapfana kubera indwara ibufata,babajije abaganga basanzwe bakwirikirana amagara y’ibitungwa nabo bakababwira ko ata miti y’ubukwavu ihari.rero uwo mugambi biragoye kwemera ko ushobora gushikana uburundi kw’iterambere naya mbona kazoza ya 2040-2060

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments