Umugambwe Sahwanya FRODEBU uriyamiriza ihohoterwa ry’abatavuga rumwe na leta.

2

Mw’itangazo umugambwe SAHWANYA FRODEBU utavuga rumwe  na leta y’Uburundi uriyamiriza wivuye inyuma ibikorwa vy’ihohotera abatavuga rumwe na leta vyibonekeza cane mur iyi misi ya vuba.

Abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na leta nka CNL barabangamiwe cane n’abari mu butegetsi bw’Ubrundi mu ntara zimwe zimwe z’igihugu.

Sahwanya FRODEBU iravuga na cane cane intara aho usanga abanywanyi b’imigabwe itavuga rumwe na leta babangamiwe.Izo ntara ni nka ari ‘Bururi, Makamba na Muyinga’.

Muri urwo rwandiko, FRODEBU imenyesha ko ‘abanywanyi bayo rimwe usanga bahagarikwa bagakorwako amatohoza batazi igituma bahagaritswe’.

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU ukaba usaba ko Ubutungane bw’Uburundi bwokora amatohoza yitondewe kugira abagirizwa ibikorwa vyo guhungabanya umutekano w’abanyagihugu baregutswe.

 

2 COMMENTS

  1. I simply want to say I’m newbie to blogging and honestly enjoyed this web-site. Probably I’m planning to bookmark your site . You surely have wonderful articles. Regards for revealing your blog.

  2. “Hello, Neat post. There’s a problem along with yourwebsite in web explorer, would check this… IE still is the marketplace chief and a huge component to folks will omit your magnificent writingdue to this problem.”

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here