UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Umugambwe MSD umenyesha ko Cndd-Fdd irangwa no kuryanisha abarundi.

Mugihe abarundi baraye bahimbaje umusi mukuru ugira 33 w’ubumwe bw’abarundi,umugambwe Msd umenyesha ko umugambwe Cndd-Fdd ariwo waje gusenyura no kuryanisha abarundi bari basanzwe bafatanye munda mbere bagasaba abarundi guhaguruka bakarwanya intwaro iryanisha abarundi maze bagashiraho intwaro yubahiriza ubumwe bw’abarundi bose.

Kubwo inkuru dukesha Tele renaissance,Umuvugizi w’umugambwe Msd Epitace Nshimirimana agira ati: «ugiye kuraba ingene ubumwe bw’abarundi bwaroyeho cabaye iciyumviro kirimwo kubeshana kwiyorobeka.kuko uravye ingene bwaroyeho hariho intwaro y’umugambwe umwe ugasanga iyo ntwaro igizwe na Leta y’ubwoko bumwe.naho havuye umurwi w’abarundi bamwe bandikira umukuru w’igihugu yari ahari bamusaba ko ivyo bintu biteye isoni bikwiye guhinduka.hanyuma harabayeho ko habaho amatora yo gushobora gutora ubwo bumwe bw’abarundi.naho ubwo bumwe ba bwemeje bakabutora inyuma gato y’imyaka ibiri nticabujije ko ibara rirwa kubera kwa kubeshana».

Epitace Nshimirimana avuga ko bitangaje kubona abari kubutegetsi uyu musi bama baririmba ubumwe imisi yose hama bakagaruka kwica no kuryanisha abarundi.agira ati :«mugende murabe uyu musi muri Cndd-Fdd n’intwaro y’umugambwe umwe bivuga ko kuva ca gihe hashirwaho bwa bumwe, kwa kwiyorobeka nivyo biri muri Cndd-Fdd uyu musi.biratangaje kumva ko hari ubumwe mugihugu hama ukaza kwirukana abo mudasangiye ivyiyumviro ukabagandagura ubahora ivyiyumviro vyabo,ugacanishamwo abarundi» .

Amasezerano y’ubumwe bw’abarundi yemejwe muri ruhuhuma 1991 n,abarundi bo mu moko yose.nta murundi yarakwiye guhohoterwa ahorwa ivyiyumviro vyiwe abarundi twese tubeho mu bumwe dufatanye mu nda twubake uburundi Bwacu

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments