UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Evariste Ndayishimiye ahamagarira indongozi kwirinda gukumirana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye mu birori vyo guhimbaza umusi mukuru ugira 33 w’ ubumwe bw’abarundi ku murwa mukuru wa politike i Gitega yahamagariye indongozi zose kwirinda gukumirana barwanye ka mwana wa mama maze n,amacakubiri aho yoturuka hose.

Mw’ijambo ryiwe Umukuru w’igihugu yibukije indongozi zitabiriye ibirori gutsimbataza ubumwe kuko ariryo soko ry’intwaro ibereye n’ukwishira n’ukwizana.ahamagarira indongozi kwirinda gukumirana,kamwana wa mama,ishari n’ibindi kuko ubumwe bushobora gupfa iyo habaye indongozi zitabaye abavyeyi ngo zungire ubumwe abo zirongoye. kuva kera rero ngo abarundi bamye bafatanye mu nda ariko ba kavamahanga nibo baje kubasambura mukubiba amacakubiri.

Umukuru w ‘igihugu avuga ko Ubumwe aribwo mushinge wubakiyeko imbona kazoza y ‘uburundi.yibukije ibihe ubumwe bwagiye buratosekara aca anatanga ingingo abarundi bakwiye kuguma bagenderako aho asaba abarundi kwemera ko ubumwe bw’ abarundi bwamyeho,kwiyemeza kuvavanura n’amacakubiri iyo yozanana hose ,gukomeza ubumwe aho umuntu ari hose hamwe no gutunganya ivy ‘igihugu mu bumwe.

Tubibutse ko amasezerano y’ubumwe bw’abarundi yemejwe muri ruhuhuma 1991 n’abarundi bo mu moko yose.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments